RUTANA:

Kuri uyu wa 26 myandagaro 2023, indongonzi za COMIBU zigizwe na Nyakubahwa icegera ca Mufti n’abahanuzi 4 ba Mufti bari baramutse batera iteka ibirori vyo kubisikanya mu burongozi bwa COMIBU mu Ntara ya Rutana. Ibirori vy’atanguzwe n’idefire y’agakura yabereye ku kibuga c’umupira co mu Rutana. Abakuze, urwaruka, abakenyezi bari bahishikiye. Inyuma y’amajambo yo mugitabo ceranda Korowani,

uwakuriwe mungata Haridi NDARUGENDANYE yashikirije ivyaranguwe naho ubuisilamu bugeze mu Rutana. Imisigiti 25, ibibandaswara 12 vyarubatswe. Yamenyeshejeko amabanga yari afise yari menshi kumugabaniriza ibikorwa vyerekanye ubutwari n’ishaka vya Nyakubahwa Mufti ryo guteza imbere Umuryango wabaislamu mu Burundi. Yashikirije yuko mu Rutana ubuislamu buri muma komine yose naho abaislamu bataraba benshi bivanye n’uko kera hari imisigiti itatu gusa yari iri kumiji gusa. Yashimiye abitavye ibirori kurwego rwa COMIBU n’abarongoye Intara kurwego rw’Igihugu kukigoro bagize mu gutera iteka ivyo birori. Yarangije ashimira ikigo BENAA Foundation Rutana kukungene kidahengeshanya mu guteza imbere ubu islamu mu Rutana.

Nyakubahwa icegera ca Mufti yaciye afata ijambo arashikiriza indongonzi nshasha arabipfuriza imigisha aranabasabira n’imihezagiro k’Uhoraro.
Indongozi nshasha Al Hadji MUKINGI Abdul Marc mw’ijambo ryiwe yashimiye Uhoraho yongera arashimira n’uwurongoye umuryango w’Abaislamu mu Burundi COMIBU kukungene yamwiyumviriyeko. Yamenyesheje abari aho ko Umusigiti wambere wubatswe mu Rutana yagizemwo uruhara rukomeye. Yamenyesheje kandi ko ariwe yabaye uwambere yaserukiye COMIBU imbere y’amategeko muri iyo ntara kubera intara ya Rutana yatwarwa i Makamba. Yemereye abaislamu bo mu Rutana ko azananye imbaraga nyinshi zo kubandaniza kusemwe y’uwo asubiriye.Yashikirije amateka yiwe yakoze muvy’igihugu mu guhabuza Demokarasi no mukurwanira igihugu. Yaciye ashikiriza abari aho komite yiwe nshasha. Yashikirije imigambi yiwe y’iterambere harimwo iyo gukomeza inyigisho za islamu no gushira imbere ubumenyi no kuzamura ubutunzi hamwe no kugurururira imiryango amashirahamwe atanga akazi. Abaserukiye intara n’ayandi madini bari bitavye ivyo birori bashimye ubutumire bongera bakeza indongozi nshasha. Bashimiye abaislamu mu Rutana kumubano mwiza uhari hamwe n’ayandi madini. Agakumbuza k’amazina y’ubuhizi ya Shehe Daruwishi aranga akaranga k’Uburundi n’abarundi yasozereye ibirori. Haciye hafatwa ifoto y’agakumbuza kundongozi n’abashitsi. Ibirori vyaciye bisozerwa nigisabisho”Du’a”.
Porte Parole/COMIBU